Imideri yo kwimosha y'abakinyi iteye ikibazo muri UAEFA

Asamoah Gyan

Ahavuye isanamu, Inpho

Insiguro y'isanamu,

Ifoto ya Asamoah Gyan igihe aheruka gukinira Ghana

Gyan wa Sunderland ari mu bakinyi barenga 40 bategekwa 'kwimosha umuderi ubereye', hihwejwe amategeko ngenderwako y'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru rya Arabia Saudite, UAEFA, bahawe gasopo.

Uyu munya Ghana w'imyaka 31 asanzwe yaraguzwe n'umugwi Al Ahli aturutse mu mugwi wa SIPG muri Shanghai.

Inyigisho zimwe za islamu zirabuza imideri y'umushatsi bita 'Qaza', aho usanga hamoye igice kimwe c'umutwe.

Abahagarikizi b'umupira nibo bihweza nimba umukinyi yimosheje mu buryo bubereye canke butabereye.

Abenshi mu bategetsi b'umupira bakwirikiza ayo mategeko kubera bibaza ko abana bashobora kwigana abakinyi mu kwimosha.

Amategeko nka ben'ayo yarakurikijwe mu bihugu vyo muri ako karere.

Mu mwaka wa 2012, Umunyegori Waleed Abdullah nawe yari yategetswe gukata umushatsi wiwe kuko udahuye n'ibisabwa n'idini rya islamu imbere yo gukinira umugwi Al Shabab.

UAEFA ibanza kurungikira abakinyi ikete ryo kubagabisha, hanyuma igashirako ibihano birimwo amande ndetse hari aho bigera no kubahagarika iyo batabikoze.

Gyan ari mu bakinyi bagera ku 46 bamaze gucibwa amahani.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Omar Abdullahman

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Suhail Al-Mansoori

Amakuru yandikwa n'ikinyamakuru co ku rubuga rwa internet Ahdaaf, avuga ko Suhail Al-Mansoori wo mu mugwi Al Wahda, yategetswe kwimosha, ariko umukinyi wa UAE wo ku rwego mpuzamakungu akaba ari nawe yatowe nk'umukinyi wa mbere w'umunya Asia, Omar Abdulrahman, afise umuderi nk'uwiwe kandi akinira mw' ishirahamwe ryo mu Kigobe c'Abarabu, baramwihorera.