Ekleziya ya Australia yarishe A$276m abakorewe amabi ashingiye ku gitsina

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abakorewe amabi bari bakoranye gutega amatwi Cardinal George Pell i Roma mu mwaka uheze
Ekleziya Katorika ya Australia yarishe imiliyoni A$276 ku bakorewe amabi ashingiye ku gitsina kuva 1980, niko ikigo gitohoza camenyesheje.
Ayo mahera yagabuwe n'abakorewe amabi baharugwa mu bihumbi, niko ikigo "Royal Commission into Institutional Responses to Child Sex Abuse" cabwiwe.
Ku bitigiri vyasohowe ku munsi wa kane, umwumwe yoronka A$91,000.
Umurwi ukora itohoza washinzwe mu 2013 kandi uriko uratohoza no ku bantu batihebeyimana.
Ekleziya Katorika yatanze ayo mahera yishura abantu 3 066 kuri 4 445 bashikirije ibirego vyuko bakorewe amabi ashingiye ku gitsina hagati ya 1980 na 2015.
Ayo mahera ngo ni indishi y'akababaro, ukwivuza, ayakoreshejwe mu manza nkuko Gail Furness yafasha umurwi w'itohoza wakorera i Sydney yavuze.