Gambia: Adama Barrow arakigwa mu mabanga

Perezida Adama Barrow Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Perezida Adama Barrow yashikiriye ubutegetsi, Yahya Jammeh abanje kwanka kumubisa

Perezida musha wa Gambia Adama Barrow, yu munsi niho yakirwa mu mabanga yiwe y'umukuru w'igihugu mu murwa mukuru Banjul.

Adama Barrow yari yarahiriye hanze y'igihugu mu kwezi guheze, mu biro vy'uhagarariye Gambia muri Senegal.

Adama Barrow yaje ku butegetsi uwo yasubiriye abanje kunana kumubisa, n'ubwo yari yatsinze amatora.

Yahya Jammeh yagondojwe n'uko ibihugu bibanyi vya Gambia biharugutse, abona guhungira muri Guinne Equatoriale.

Uyu munsi uhururiranye n'ihimbazwa ry'imyaka 52 Gambia imaze yikukiye.

Adama Barrow abaye umukuru w'igihugu agira gatatu muri ico gihe cose kuva Gambia ironse ubwingenge.

Abantu baharugw amu bihumbi nibo bitezwe muri ivyo birori.