Abarwanyi ba FARC basubiye mu buzima busanzwe

Amakambi FARC yegeranirizwamwo bivugwa ko ataruzura

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Abarwanyi ba FARC basubije ibirwanisho imbere yo kuja mw'ikambi

Umuhari FARC wari umaze imyaka irenga 50 mw'ishamba muri Colombia umaze gushikana abarwanyi bawo mu buzima busanzwe inyuma y'amasezerano yo guhagarika intambara na leta.

Abarwanyi ba FARC bagera ku bihumbi indwi, baramaze gushikanwa mu makambi yo kwegeranirizwamwo arenga 20, aho bagenda ibirere bire bire bava mu mashamba bari bamazemwo imyaka irenga 50.

Ishirahamwe mpuzamakungu rifise umwitwarariko ko amakambi yo kwemgeranirizamwo abarwanyi ba FARC atarahera gutunganywa neza.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Hamwe amakambi yo kwegeranirizamwo FARC aracubakwa

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Abarwanyi ba nyuma ba FARC bariko bigishwa imbere yo kuaj mu makambi

Abajejwe ico gikorwa basavye leta ya Colombia kubanza kurindiriza ico gikorwa co kwegeranya abarwanyi ba FARC kugeza ibirwanisho vyabo bibitswe neza, n'ibibanza begeranirizwamwo bikagenwa neza.

Leta ivuga igikorwa catebejwe n'ubutaka bubi n'ubukene bw'amabarabara.