Papa Francis arakebura abategetsi ba R D Congo

Ahavuye isanamu, AP
Papa Francis yakebuye abakoresha abana mu ntambara muri Congo
Mu gisabisho c'uyu munsi, umwungere wa Ekleziya katolika Papa Francis yakebuye abakoresha abana mu ntambara muri Republika iharanira Demokarasi ya Congo.
Ubugizi bwa nabi bukomeza kwiyongera muri Congo kuva mu mezi aheze.
Ku munsi wa gatanu, habonetse video isa n'iyerekana abasirikare ba Congo barasa ku bantu badafise ibigwanisho mu ntara ya Kasai.
Perezida Joseph Kabila yategerezwa kuba yavuye ku butegetsi arangije ikiringo ciwe mu kwezi kwa 12 umwaka uheze, ariko ntavyo yakoze.
Umwumvikano hagati y'abanyapolitike bari bahujwe n'abaserukira Ekleziya Katolika, umwemerera kuguma ku butegetsi gushika mu mpera z'uyu mwaka.