General H. R. McMaster, niwe mujanama musha wa Perezida Trump

Ahavuye isanamu, AP
Perezida Trump yatangaje ko yatoye Gen McMaster mu kibanza ca Mar-a-Lago muri Florida
Perezida Trump yavuze ko General H. R. McMaster, yatowe kuba umuhanuzi wiwe musha mu vya gisirkare, afise ingabirano zidasanzwe n'uburambe, ndetse yubashwe cane mu gisirikare.
General Michael Fynn yatanze imihoho atamaze n'ukwezi mu kazi, amaze kuyovya icegera c'umukuru w'igihugu Mike Pence.
Mike Pence yariko agerageza kumenya ukuri ku bijanye n'ivyo General Michael Fynn yoba yaraganiriye n'uhagarariye Uburusiya i Washington, vyerekeye ibihano Amerika yafatiye leta ya Moscow.
General McMaster, ubu afise imyaka 54, arazwi cane mu bijanye no kubaza abamukurira mu gisirikare.