Ibiziga bishika 87 vy'abimukira ku nkengero za Libya

Abatabazi

Ahavuye isanamu, IFRC MENA

Amasanamu yatanzwe n'umuryango Croissant rouge wo muri Libya yerekana imifuko itekeyemwo abantu iharugwa muri mirongo itondetse ku nkengera za Zawia.

Uwo muryango ufasha imbabare uvuga ko mu bapfuye harimwo abana.

Wibaza ko ako kaga katewe n'ubwato bubiri bwazamye ku wa gatandatu mw'ijoro gato inyuma yo gufata urugendo buva mu karere kari hafi y'ico gisagara kiri mu burengero bwa Libya.

Baracarondeza ibindi biziga.

Ibihugu baturukamwo ntibiramenyekana ariko amasanganya nkayo muri kahise akenshi yaba arimwo abantu baturuka mu bihugu vya Africa yo munsi y'ubugararwa bwa Sahara.

Mu kwezi kwa mbere kwonyene abantu nibura amajana abiri na 70 baraguye mu kiyaga Mediteranee nk'uko bivugwa n'ishirahamwe mpuzamakungu rikurikirana ivy'abimukira. OIM.

Umuryango Croissant Rouge uvuga ko mu bapfuye harimwo abana.

Ahavuye isanamu, IFRC MENA

Insiguro y'isanamu,

Umuryango Croissant Rouge uvuga ko mu bapfuye harimwo abana.

Benshi mu bantu bafata urugendo bava muri Libya n'ababa bahunga ubukene bagerageza gushika I Bulaya ariko muribo harimwo abatari bake b'impunzi n'abandi barondera ubuhungiro bwa politike.

Ishirahamwe rya Bulaya riherutse gutangura kwigisha abakozi ba Libya bacungera inkengera kuko bigabanya incuro kabiri ibikorwa vyaryo vyo gucungera amazi y'ico gihugu kugira rihagarike ubwato buba buzanye abantu mu kinyegero.

Ibihugu vyo mu bumanuko bwa Bulaya nk'Ubutaliano bishaka kugabanya umuzo w'abimukira kandi bikaba bishaka Libya kugarukana abantu baba batabawe mu mazi.

Ariko ivyo biranegurwa n'amashirahamwe mpuzamakungu afasha abari mu kaga.

Igihugu ca Libya kiracari mu ruhagarara, leta yaco ishingiye Tripoli ikaba ata vyinshi igenzura mu gihugu.

Abimukira basubijwe mu bibanza bapfungirwamwo muri Libya akenshi barakorerwa amabi harimwo kubasambanya ku nguvu no kubaboreza igufa.