Burundi : Umurindi w'abaza kwitura umugwi CVR ni muto

Musenyeri Jean Louis Nahimana
Igikorwa co kwakira no kwumviriza abafise ivyo bashaka gushikiriza umugwi wo kurondera ukuri ku mahano yabaye mu burundi muri kahise, cari catanguye mu mpera z'ukwezi kw'a 9 mu mwaka wa 2016.
Abantu bagera ku 472 nibo bashoboye kwitura umugwi CVR gushika mu kwezi kwa 12 umwaka wa 2016, nkuko vyashikirijwa na Musenyeri Jean Louis Nahimana arongoye uwo mugwi.
Igikorwa co kwakira no kwumviriza abafise ico bashaka gushikiriza, catanguriye mu makomine ya Muha, Mukaza na Ntahangwa agize igisagara ca Bujumbura.
Ibitigiri bitangwa n'uwurongoye CVR vyerekana ko umurindi w'abaza kwitura umugwi ari muto.
"Ico gitigiri ni intango kuko umuntu arakora agahura n'inzitizi agasubira agahindura umukenyuro, nta mwanya twataye ni uko gusa turi bake, hariho n'umuntu aza agitangura kuvuga agaca asubira gukorwako ku mutima akarira, utegerezwa kwicara ukamurindira, ni igikorwa kitoroshe," ukwo nukwo Jean Louis Nahimana abisigura.
Ariko rero ibituma ibikorwa vy'umugwi wo kurondera ukuri CVR vyikwega si ivyo gusa.
Abafasha u Burundi ntibigeze batanga amafaranga bari bemeye kugira uwo mugwi ukore neza.
Bamwe mu bagize umurwi CVR- Clotilde Niragira(ibibamfu) Laurent Kavakure(iburyo)
Ivyo navyo vyatumye udashobora kuronka abakozi bakwiye ku rwego rw'igihugu.
Birukwo mu gihe uwo mugwi usabwa kuba warangije ibikorwa mu kiringo c'umwaka umwe.
Kubwa Musenyeri Jean Louis Nahimana, nubwo amafaranga y'ababafasha ataje, hariwo uwundi mukenyuro.
"Amafaranga bari kuduha ni imiliyoni 34 z'amafaranga y'abanyaburaya, ni meshi cane kandi ntaraboneka," nikwo abisigura.
"Dufatiye ku bibazo Uburundi bufise, turafise uwundi mukenyuro, turafise abantu benshi bemeye kutwunganira bakitanga badahembwa," nikwo abandanya avuga.
Uwo arongoye umugwi CVR ntatanga amafaranga bashoboye kwegeranya ingene angana.
Kiretse kwumviriza abafise ico bashikiriza ku mahano yabaye mu Burundi, hari ibindi bizokorwa n'umugwi.
Ivyo navyo ni kurondera aho hose hari ibinogo rusangi kugira ababihambwemwo bafubanwe iteka hamwe no gukora ubushakashatsi ku nyandiko n'intahe zitanzwe kuri ayo mahano.
U mugwi CVR uzorondera ukuri ku mabi yabaye mu Burundi kuva mu 1962 gushika muri 2008, aho umuhari wa nyuma wagwanya reta y'ico gihe washira ibigwanisho hasi.