Abahinga bimirije gusubiza umuntu ku kwezi

Abantu bategekanywa kuja ku kwezi mu 2018

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Abantu bategekanywa kuja ku kwezi mu 2018

Ikigo cigenga c'ibigendajuru co muri Amerika, SpaceX, catangaje ko hari abantu babiri bamaze gutanga amahera yo kuja gutembera ku kwezi.

Urwo rugendo rutegekanijwe mu mpera z'umwaka 2018, nkuko uwurongoye SpaceX, Elon Musk, yavuze. Yongeye avuga ko abo bakerarugendo "bamaze kuriha amahera aboneka yo gufatisha urwo rugendo".

"Kano ni akaryo ngo abantu basubire mu kirere gihanitse ubwa mbere mu myaka 45," niko yavuze.

Abo bantu babiri amazina yabo atashizwe ahabona, bazogurukira mu kigendajuru kizogeragezwa mu mpera z'uno mwaka.

Bwana Musk yavuze ko integuro bafashijwemwo n'ikigo kiraba ivy'ibigendajuru Nasa co muri Amerika, igiye gutuma urwo rugendo rushoboka.

Yavuze ko izo ngenzi "zizoguruka ku murindi munini, zongere zigere kure cane kurusha abakoze mwen'izo ngendo mbere".

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Elon Musk yavuze ko bazokora ukwo bashoboye ntihagire impanuka bahura

Bwana Musk ntiyashatse kuvuga abaribo, avuga gusa ko bo bazinanye ariko ko "ata numwe ari mw'ishirahamwe rihingura amasinema, Hollywood".

"Nka kurya kw'abagendeye muri Apollo, abo bantu bazoja mu kirere gihanitse bafise icizere, batwaye indoto umuntu wese afise, bipfuza kwirabira ibiba iyo bazoba bagiye.

"Dutegekanya kubasuzuma ngo tumenye ko amagara yabo ameze neza, munyuma tubamenyereze ku bijanye n'urwo rugendo mu mpera z'uno mwaka."