Abagore bikekwa ku rupfu rwa Kim Jong-nam begetsweko icaha

Doan Thi Huong (i bubamfu) na Siti Aisyah (i buryo) binjiye muri sentare bambaye impuzu zizibira amasase

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Doan Thi Huong (i bubamfu) na Siti Aisyah (i buryo) binjiye muri sentare bambaye impuzu zizibira amasase

Abagore babiri bikekwa ku rupfu rwa Kim Jong-nam, avukana n'uwurongoye Korea ya ruguru, bagirijwe na sentare ku bijanye n'urwo rupfu.

Abo bagore, Doan Thi Huong, aturuka muri Vietnam na Siti Aisyah ava muri Indonesia, bivugwa ko bateye Bwana Kim isumu mu maso ryo mu bwoko bwa "VX nerve agent" ku kibuga c'indege ca Kuala Lumpur itariki 13 z'ukwezi kwa kabiri.

Barengukishijwe muri sentare hafi y'umurwa mukuru wa Malaysia, bacunzwe n'inteko zihambaye.

Inyuma yaho basomewe ibirego, Doan Thi Huong yavuze ati "Ndavyumva ariko nta caha niyagiriza," mu rurimi rw'icongereza.

Biravugwa cane ko Korea ya ruguru iri inyuma y'ico gitero, ihakana yivuye inyuma. Kim Jong-nam, ntiyavuga neza intwaro ya Korea ya ruguru.

Bazosubira kwitaba itariki 13 ukwezi kwa kane, igihe abashikirizamanza bazosaba ko bumviririzwa hamwe na sentare yo ku rwego rwo hejuru.

Ibirego vyasomewe ubwa mbere Aisyah, munyuma Huong, bose bafunzwe amapingu.

Bashobora gukatigwa igihano c'urupfu igihe boba bagiwe.