ONU ngo yari ikwiye guhindura abakozi bayo mu Burundi

Gaston Sindimwo avuga ko abakozi ba ONU mu Burundi bumva gusa ibivugwa n'abatavuga rumwe na leta

Ahavuye isanamu, Facebook page Gaston Sindimwo

Insiguro y'isanamu,

Gaston Sindimwo avuga ko abakozi ba ONU mu Burundi bumva gusa ibivugwa n'abatavuga rumwe na leta

Icegera ca kabiri c'umukuru w'igihugu c'u Burundi, Gaston Sindimwo, avuga ko ONU yari ikwiye guhindura abakozi bayo bose mu Burundi kubera kubogama.

Aho yavugana na BBC ariko bwana Sindimwo yavuze ko ico kikiri icipfuzo ciwe ngo ntikiraba umugambwe wa leta y'u Burundi.

Yavuze ko abo bakozi ngo basigaye bumviriza gusa ivyo babwiwe n'abatavuga rumwe na leta, bama bashaka kwerekana ko ibintu mu Burundi vyayangaye.

Gaston Sindimwo yabandanije avuga ko ico ciyumviro yakiganiriye n'abanyagihugu aho yari aramutse agendera impunzi zo hagati mu gihugu.

Ngo birashoboka ko abo bakozi ONU ibimurira mu bindi bihugu nk'uko isanzwe ibigenza, hakaza abandi bashasha.

Imigenderanire itari myiza

U Burundi buramaze kwugara ibiro vy'igisata c'ishirahamwe mpuzamakungu ONU kijejwe agateka ka zina muntu, nyuma y'icegeranyo c'iryo shirahamwe leta y'u Burundi yavuze ko itigeze ihabwamwo akanya ako gusigura uko ibintu bimeze.

Leta y'u Burundi yemeza ko umutekano wagarutse hose mu gihugu, ngo abavuga ko utariho ni abafise intumbero za politike.