Koreya ya ruguru yagabishije Amerika

Ahavuye isanamu, Reuters
Koreya ya ruguru yibuka imyaka 105 iheze Kim Il Sung avutse
Mu gihe Koreya ya ruguru isanzwe yibuka amavuko ya Kim Il-sung, yasohoye ibigwanisho vyayo birimwo ivyo mu bwoko bwa 'missile ballistiques' ziteretse ku bwato bw'intambara bugendera munsi y'amazi.
Ivyo bigwanisho vyagaragajwe mw'ikarashishi, bicishwa imbere y'umukuru wa Koreya ya ruguru w'ubu -Kim Jong-un, akaba n'umwuzukuru wa Kim Il-sung.
Ahavuye isanamu, Getty Images
Ubwato buterura indege bwa Amerika bwarungitswe ku nkengera za Koreya ya ruguru
Iyo karashishi y'ibirwanisho ikozwe mu gihe hasanzwe imishamirano hagati ya Leta zunze Ubumwe za Amerika na Koreya ya ruguru.
Leta ya Pyongyang yiyamye Leta zunze Ubumwe za Amerika ngo zisigeho ico yise agasomborotso no gukora ivyo batabanje kwiyumvira.
Ahandi ho ngo Koreya ya ruguru ishobora kuzisubiriza mu nkoko mu kugaba ibitero vyo 'kuniga' Amerika.