Abashigikiye ibwirizwa nshingiro muri Turkiya bari imbere mu majwi

'Ego' niyo bisa n;aho iri imbere kuri 'oya'

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu,

Perezida Erdogan n'umukenyezi wiwe batoreye Istambul bari kumwe n'abuzukuru

Ku majwi 96% amaze guharugwa, 51.5% batoye 'ego' nayo 48.5 % batoye 'oya', n'ukuvuga ko abashigikiye amahinduka ari mw'ibwirizwa nshingiro risha riha ububasha perezida Erdogan ari bo benshi.

Abashigikiye ko ibwirizwa nshingiro rihinduka, bavuga ko gushira mu minwe y'ugwego nshingwantwaro ububasha bwahora mu minwe y'inama nshingamateka, bizotuma igihugu giter'imbere.

Ariko abatamushigikiye banse icemezo c'uko amakarata atagirako ikidodo yemegwa kiretse habonetse ivyemezo bituma afatwa nk'impfagusa.

Kwemezwa kw'iryo bwirizwa nshingiro risha gushobora gutuma perezida Erdogan aguma ku butegetsi kugeza mu 2029.

Abantu batatu bicishwe barashwe iruhande y'akazu k'amatora, mu ntara ya Diyarbakir, biturutse ku guharira ku buryo bariko baratora.

Abanya Turkiya bagera kuri miliyoni 55 nibo bari barekuriwe gutora, mu bibanza 167 000 hirya no hino mu gihugu.