Umukunzi w'umupira w'amaguru wo muri Argentine yapfuye asunitswe

Emanuel Balbo (hagati) yapfuye inyuma yaho asunikiwe ku munsi wa gatandatu

Ahavuye isanamu, EPA/EL DOCE

Insiguro y'isanamu,

Emanuel Balbo (hagati) yapfuye inyuma yaho asunikiwe ku munsi wa gatandatu

Umukunzi w'umupira w'amaguru wo muri Argentine yapfuye kubera inguma, haheze iminsi ibiri asunitswe agakorogwa hasi n'abantu bivugwa ko bari bashigikiye uwundi murwi.

Emanuel Balbo w'imyaka 22, yoba yarateranye amajambo n'umuntu mu rukino rwo ku munsi wa gatandatu, rwahuza imigwi ya Belgrano na Talleres mu gisagara ca Cordoba kiri mu buraruko.

Ivyabona bivuga ko uwo mugabo yoba yavugiye hejuru ko Bwana Balbo ari umukunzi yinyegeje w'umugwi Talleres.

Yaciye akorogwa hasi, nkuko amashusho ya video avyerekana.

Yaciye ajanwa ku bitaro afise inguma nyinshi, aho abaganga bavuze munyuma ko yapfuye kubera ingorane z'ubwonko.

Abantu bane barafashwe inyuma y'ubwo bwicanyi, ishirahamwe ry'umupira w'amaguru rya Argentine, Argentine Football Association, rigasaba ko "ababikoze" boshikirizwa ubutungane.

Imigwi iharanira amateka atandukanye ivuga ko abantu barenga 40 bamaze gupfa kuva mu 2013, ku ndyane zadutse ku rukino rw'umupira w'amaguru.