Abagore n'abakobwa muri Sudani barapfa kw'ikeha ry'imiti

Ikigo giharanira agateka ka kiremwa muntu "Human Right Watch" (HRW) cavuze ko abagore n'abigeme baba mu misozi ya Nuba muri Sudani aho ingwano ibandanya, babara bagashika aho bapfa kw'ikeha ry'imiti igenewe abavyeyi.
Nk'akarorero, bivugwa ko hari umugore yabuze umwana ariko aribaruka, bitewe nuko yategerezwa kugenda urugendo rurerure ahetswe kw'ikinga imbere yuko afata imodoka yoshoboye kumujana kuri kimwe mu bitaro bibiri bigenzugwa n'inyeshamba.
Ikigo HRW kivuga ko ibiriko biraba ari ingaruka yo kubuza imfashanyo ko ishika mu banyagihugu mu turere tugenzugwa na leta ya Sudani canke n'inyeshamba.