Indege za Qatar zihanikijwe kuja mu gihugu ca Misiri

Ahavuye isanamu, AFP
Ikibuga c'indege ca Qatar cakira indege nyinshi mpuzamakungu
Igihugu ca Misiri cugariye ikirere indege zo mu gihugu ca Qatar inyuma y'uruhagarara rumaze iminsi, ibihugu vya Arabie Séoudite na Bahrain bikaba bishobora gufata mweniyo ngingo kuri uno wa kabiri.
Ibihugu vyinshi vyarahagaritse imigenderanire n'igihugu ca Qatar, cagirizwa gukorana n'imigwi y'iterabwoba ikorera mu karere.
Abanyagihugu ba Qatar baba i Bahrain, Arabie Séoudite na Emirats Arabes Unis bahawe indwi zibiri ngo babe bavuye muri ivyo bihugu.
Ubutegetsi bwa Qatar burahakakana ko bushigikiye intagondwa, umushikiranganji ajejwe imigenderanire n'amakungu akaba yasavye ko "hoba ibiganiro ku mugaragaro".
Misiri yavuze ko yugariye Qatar ikirere cayo isaha 04:00 GMT ku munsi wa kabiri "gushika igihe hazoba hasohowe iyindi ngingo".
Iyo ngingo ishobora guhungabanya igisata c'ingenzi ku kibuga c'indege ca Doha, mu gihe hakunze guca indege nyinshi mpuzamakungu.
Amashirahamwe y'indege ashobora gufatwa n'iyo ngingo ni Qatar Airways, Etihad Airways na Emirates.