Trump yoba yarabangamiye ubutungane?

Robert Mueller. ifoto ya kera

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Robert Mueller ariko agira amatohoza ku ruhara rw'Uburusiya muri politike ya Amerika hamwe n'ico Trump abiziko.

Prezida wa Amerika Donald Trump ariko agirwako amatohoza n'umunyamategeko adasanzwe Robert Mueller, kuvyo bise kubangamira ubutungane, nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru ca Washington Post.

Ico kinyamakuru kivuga ko abategetsi bo mu rwego rwo hejuru bemeye kubazwa n'abagira amatohoza barungitswe na Mueller.

Abashingwamanza ba Trump bavuga ko inyifato ya FBI yo gushira ahabona iyo nkuru, ari ikintu kibi cane.

Muller ni we yashizwe kugira amatohoza ya FBI yo kumenya nimba Uburusiya bwarivanze mu matora ya Amerika mu mwaka wa 2016 hamwe n'uko Trump yoba yarabigizemwo uruhara urwo ari rwo rwose.

Prezida Trump rimwe na rimwe yagiye ararahira ko ata migenderanire n'imwe bafitaniye n'Uburusiya.

Ku musi wa gatatu, ikinyamakuru ca Washington Post caratangaje ingingo ya Mueller yo gutohoza inyifato ya prezida Trump nk'ingingo ikomeye cane muri ayo matohoza.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Donald Trump

Abategetsi batavuzwe amazina babwiye ico kinyamakuru ko amatohoza yo kwihweza ko Trump yabangamiye ubutungane yatanguye kera inyuma y'aho Trump yirukaniye umukuru wa FBI, James Comey itariki 9 z'ukwezi kwa gatanu.

Imbere y'uko yirukanwa mu kazi, Trump yari yabwiye Trump ko atari we ariko agirwako amatohoza.

Kuva ico gihe, Comey avuga ko Trump yagerageje kumwumvisha ko yohagarika amatohoza yariko aragira ku muhanuzi wiwe ajejwe ibibazo vy'umutekano Michael Flynn.

Flynn yakuwe mu kazi mu kwezi kwa kabiri azize kutavugisha ukuri ku mibonano bagiranye na Sergei Kislyak, asanzwe aserukira Uburusiya muri Amerika.