Andy Murray agiye gufasha abagiriye ivyago mu muriro wa Grenfell Tower

Andy Murray arondera gutsinda ubugira gatatu yikurikiranya ihiganwa rya Queen's Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Andy Murray arondera gutsinda ubugira gatatu yikurikiranya ihiganwa rya Queen's

Umukinyi wa mbere wa Tennis kw'isi, umwongereza Andy Murray yavuze ko azohereza udushimwe azokura mw'ihiganwa Aegon Championships rya Queen's imiryango y'abahitanywe n'umuriro wa Grenfell Tower.

Murray, w'imyaka 30, ashobora kuronka £350,000 ($443,000) mu dushimwe tw'amahera, igihe yoramuka atsinze.

Atangura kwitegurira iryo higanwa rigira gatandatu rya Queen's kuri uno wa kabiri, ahura na Aljaz Bedene.

Abantu 79 nibo barimwo abapfuye n'ababuzwe irengero inyuma y'umuriro mwinshi wibasiye inyubakwa Grenfell Tower, iri Kensington, mu ndwi iheze.

Leta yemeye gutanga £5,500 ($6900) ku muntu atagifise aho bakika umusaya, hamwe na £200,000 ($253000) ku muryango umwumwe wabuze.

Mu 2013, Murray yatanze amafaranga yakuye mw'ihiganwa rya Queen's £73,000 ku kigo "Royal Marsden Centre".