Trump yerekanye video ariko 'arakubita' CNN

Ifoto ya Tweet ya prezida Trump

Ahavuye isanamu, Twitter

Insiguro y'isanamu,

Iyo Video iboneka ko yakozwe n'urubuga ngurukanabumenyi rwegereye Trump mu ntango y'iyi ndwi

Prezida wa Amerika Donald Trump yashize ku rubuga rwiwe rwa twitter video imwerekana ariko arakubita umuntu afise ikimenyetso mu mutwe c'ikinyamakuru CNN.

Iyo Video yasubiwemwo ni iyigeze kwerekana Tump igihe yari kurorera inkino zo kunagana za WWE mu 2007, aho yakubise uwurongoye izo nkino Vince McMahon.

Iyo video boboneka ko yashizwe ku rubuga rukunda cane Trump mu ntango z'iyi ndwi.

Mu nyuma CNN yanebaguye prezida ko azana icuka kibi mu bimenyeshamakuru.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Iyo video boboneka ko yashizwe ku rubuga rukunda cane Trump mu ntango z'iyi ndwi.

Umuhinga mubaraba ibintu n'ibindi kuri ABC Ana Navarro asanzwe atavuga rumwe na Trump, yavuze ko iyo video ari mbi kandi ko ishobora gutuma haba umumenyeshamakuru yicwa.

Ariko umuhanuzi mukuru muvyo umutekano muri Amerika, Thomas Bosset, yigeze kuvugira kuri ABC, yavuze ko iyo video itaboneka nk'iyotera ubwoba.

Prezida yagiye aragirana amatati n'ikinyamakuru ca CNN we yita "inkuru z'ububeshi"