Tanzaniya yemeje amategeko ajanye no kwimba amabuye y'agaciro

Tanzaniya ifise amabuye atandukanye y'agaciro
Inama nshingamateka ya Tanzaniya yemeje amategeko abiri agiye gutuma ibintu bihinduka mu gisata co gucukura amabuye y'agaciro.
Itegeko rya mbere rivuga ko ubutunzi buri mu butaka bw'igihugu ari ubw'abanyagihugu ba Tanzaniya ariko bukagenzugwa na leta.
Bino bisigura ko amashirahamwe yigenga azocukurira leta - mu gihe amategeko yahahora yavuga ko aba ahawe ubwo butunzi bucukugwa.
Irindi tegeko riha ububasha inama nshingamateka gusubiramwo amasezerano yose ya leta ajanye no gucukura ubutunzi bwo mu butaka bw'igihugu.
Ayo mategeko abiri akurikiye impari zimaze amezi hagati ya leta ya Prezida John Magufuli n'ishirahamwe ricukura ubutunzi bwo mu butaka, Acacia, ryo mu Bwongereza ku bijanye n'amakori.
Acacia yagirizwa gutanga urugero ruto rw'ivyo icukura birimwo inzahabu n'umujumpu, ngo ikaba yagiye irariha amahera make y'amatagise muri ino myaka 20 iheze ikorera muri ico gihugu ca Afrika y'ubuseruko.
Iryo shirahamwe rivuga ko ata makosa ryiyagiriza.