Imyiyerekano yateye imidurumbanyo ikomeye muri Venezuela

An opposition demonstrator prepares to throw a molotov cocktail during clashes with riot police in an anti-government protest in Caracas

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Abari mu myiyerekano n'igipolisi batanye mu mitwe mu bisagara vyinshi vya Venezuela.

Abantu amamiliyoni bitavye akamo k'abatavuga rumwe na reta ko keitsba imyiyerekano yo kwiyamiriza amatora y'inama nshingamateka nshasha.

Imishamirano hagati y'abari mu myiyerekano hamwe n'igipolisi yahitanye abantu batatu, abandi barenga 300 bivugwa ko bafashwe.

Prezida Maduro yavuze ko iyo myiyerekano itari ikomeye cane kandi ko abayirongoye bashobora guhagarikwa.

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu,

Prezida Maduro avuga ko imyiyerekano itari ishemeye kandi ko abayirongoye bashobora guhagarikwa

Kuva mu kwezi kwa kane, igihe imyiyerekano yongerekana, abantu boba bashika 100 ni bo boba bamaze gupfa mu gihugu cose.

Abari mu myiyerekano bazibiye amabarabara ku mugwa mukuru, Caracas hamwe n'ibindi bisagara hakoreshejwe ibintu bitandukanye. Abatavuga rumwe na reta bavuga ko abashika 85% bitavye iyo myiyerekano mu gihugu cose.

Ariko mu bice vyiganjemwo abashigikiye reta ku mugwa mukuru, ubuzima bwabandanije nk'uko vyahora, n'amabaraba yuzuyemwo abantu. Bigaragara ko abakozi ba reta bakoze nk'uko bisanzwe.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Abari mu myiyerekano bazibiye amabarabara mu bisagara bitandukanye

Mu bisagara bitandukanye, igipolisi carashe ivyuka vyokera abari mu myiyerekano.

Bivugwa ko umuntu umwe yapfuye mu micungararo ya Caracas mu gihe abandi babiri bapfiriye mu buraruko mu gisagara ca Valencia.