Amerika yasavye abenegihugu bayo kutaja muri Korea ya Ruguru

Amerika yagabishije abenegihugu bayo kutaja muri Korea ya Ruguru

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Amerika yagabishije abenegihugu bayo kutaja muri Korea ya Ruguru

Amerika yabujije abenegihugu bayo kuja muri Korea ya Ruguru nkuko bivugwa n'amashirahamwe akorera mu vy'abakerarugendo muri ico gihugu.

Amashirahamwe Koryo Tours na Young Pioneer Tours, yavuze ko ukwo kubuza abo benegihugu gushobora gutangazwa itariki 27 z'ukwezi kw'indwi munyuma bikaja mu ngiro inyuma y'iminsi 30.

Leta Zunze Ubumwe za Amerika ntiziremeza ayo makuru.

Ishirahamwe Young Pioneer Tours niryo ryorohereje umunyeshuli Otto Warmbier, gushika muri Korea ya Ruguru.

Munyuma yarafashwe, akatigwa gupfungwa imyaka 15, ariko akaba yari yaragarutse muri Amerika ameze nk'uwapfuye atacumva, imbere yuko apfa inyuma y'indwi imwe.

Iryo shirahamwe rikorera muri Korea ya Ruguru ryahavuye rimenyesha ko ritazosubira kwakira abakerarugendo bavuye muri Amerika.

Ryasohoye itangazo ku munsi wa gatanu rivuga riti: "Twamenyeshejwe ko Leta ya Amerika itazosubira kwemerera abanyamerika kuja muri DPRK (Korea ya Ruguru).

"Bitegekanijwe ko iryo tegeko rizoja mu ngiro mu minsi 30 kuva itariki 27 z'ukwezi kw'indwi. Inyuma y'iminsi 30, umunyamerika wese azoja muri Korea ya Ruguru, leta izoca ihagarika igitabo c'inzira ciwe."

Umukozi wa Young Pioneer Tours, Rowan Beard, yabwiye BBC ko iryo shirahamwe ryahawe ayo makuru n'ubuserukizi bwa Suède ari nabwo bukurikirana inyungu za Leta Zunze Ubumwe za Amerika muri Korea ya Ruguru.

Bwana Beard yavuze ko ubwo buserukizi bwasavye abanyamerika bose baba muri ico gihugu kukivamwo.