Inkongi y'umuriro mu Bufaransa yateye abantu kuvanwa mu byabo

Indege zikoresha amabombe y'amazi zagabwe kuzimya umuriro
Insiguro y'isanamu,

Indege zikoresha amabombe y'amazi zagabwe kuzimya umuriro

Abategetsi mu Bufaransa baravuga ko inkongi y'umuriro mu majyepfo y'uburasirazuba yatumye abantu 10.000 bimurwa bakurwa mu ngo zabo.

Abakora akazi ko kuzimya umuriro babarirwa mu majana boherejwe ahitwa Bormes-les-Mimoses guhangana n'inkongi mu gace k'intara ya Provence-Alpes-Cote d'Azur.

Ubufaransa bwasabye ibihuhu bituranye nabwo mu muryango w'ubumwe bw'Uburayi, Eu kubufasha kuzimya umuriro.

Ubutaka bungana na hegitari 4.000 bwakongotse hafi y'inkombe ya Mediterane mu gace k'imisozi ku kirwa cya Corsica.

Insiguro y'isanamu,

Inzu zibarirwa mu majana zagizweho ingaruka n'inkingi i Corsica

Ibiro ntaramakuru AFP byavuganye n'umuntu ukora mu rwego ruzimya umuriro wavuze ko:

"Kwimura abantu bagera nibura ku 10.000 byakurikiye inkongi y'umuriro. Ni agace karimo abaturage bikubye inshuro ebyiri cyangwa eshatu mu gihe cy'iki".

Uyu muriro uri mu nkonzi zikomeye ziri kwibasira agace kari hafi y'ahantu nyaburanga hitwa Saint-Tropez.

Ahitwa Corsica, amazu menshi abarirwa mu majana yavuyemo abantu.

Insiguro y'isanamu,

Ubutaka bungana na hegitari 4.000 bwakongotse hafi y'inkombe ya Mediterane mu gace k'imisozi ku kirwa cya Corsica.

Muri rusange, abazimya umuriro barenga 4.000 bafashijwe n'abakoresha ibihombo by'amazi mu kuzimya umuriro bari kugerageza kuzimya umuririo kuva ku wa Mbere.

Abategetsi baravuga ko abazimya umuriro bagera kuri 12 barakomeretse n'aho abapolisi bagera kuri 15 bagizweho ingaruka n'umwotsi.