Kenya: Abaharanira amateka basaba itohoza ku rupfu rwa Chris Msando

Abaharanira agateka ka kiremwa muntu mu myiyerekano i Nairobi
Image caption Abaharanira agateka ka kiremwa muntu mu myiyerekano i Nairobi

Abaharanira agateka ka zina muntu bari mu myiyerekano basaba ko hokogwa itohoza ku rupfu rw'umukozi wo mu kanama kajejwe amatora Chris Msando, basaba ubutegetsi gukingira ubuzima bw'abanyagihugu.

Georges kegoro arongoye ikigo citaho iyubahiriza rya zina muntu "Kenya Human Rights Commission" (KHRC) avuga ko batewe amakenga n'ubwicanyi bushobora gukurikira urwo rupfu.

Avuga ko bigaragara ko urwo rupfu rufise intumbero yo kuburizamwo amatora yimirije.

Image caption Uwurongoye ikigo giharanira agateka ka zina muntu muri Kenya, George Kegoro

Bwana Kegoro yavuze ati: " Nta n'umwe akwiye kwicwa nk'uko msando yishwe".

Yongeye avuga ko uravye ukwo abantu babibona, ko yishwe azira akazi kiwe.

Ubutegetsi bwa Kenya nabwo nyene bwiyamirije ubwo bwicanyi, busaba ko ubuzima bw'abantu, ivyo batunze vyokingigwa.

Prezida Uhuru Kenyatta asaba abanyagihugu kuguma biyunze, asigura ko atari igihe co kwemera ko abanyagihugu bacanamwo, ko imbere y'urupfu bakwiye kuguma bafatanye mu nda kandi bafise inguvu.