Sierra Leone: Abantu barenga 200 bishwe n'ibihomoka vy'umusozi

Inzu nyinshi zaguweko n'ibihomoka vy'umusozi
Abantu barenga 200 bishwe n'ibihomoka vy'umusozi hafi y'umurwa mukuru Freetown mu gihugu ca Sierra Leone, niko umuryango w'abatabazi b'umusalaba utukura "Croix Rouge" bavuze.
Uruhande rumwe rw'umusozi ahitwa Regent nirwo rwomorotse ku munsi wa mbere bitewe n'imvura nyinshi, ibihomoka vyawo bigwa ku mazu.
Umumenyeshamakuru wa BBC yari mu kibanza vyabereyemwo, yavuze ko iyo mpanuka yabaye abantu basinziriye.
Icegera c'umukuru w'igihugu Victor Bockarie Foh yavuze "ko abapfuye bashobora kuba bari mu majana".
Igitigiri c'abapfuye gishobora kwiyongera.
Bwana Foh yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters kw'iyo mpanuka iteye ubwoba ko nawe nyene vyamuvunye intege.
Yavuze kw'ico kibanza caciye cugagwa kugira ngo abantu bashobore kwimugwa, abashonbora gutabarwa batabarwe.
Umuvugizi wa Croix Rouge, Abu Bakarr Tarawallie, yari yavuze kare ko ibiziga 179 arivyo vyatwawe mu buruhukiro bukuru bw'i Freetown.
Uretse abapfuye amazu menshi hamwe n'imitungo y'abanyagihugu vyononekaye kubera iyo mvura.
Ahavuye isanamu, Getty Images
Abantu bari basigaye bagenda boga nko mu ruzi
Ahavuye isanamu, Getty Images
Inzu nyinshi zarengewe n'amazi