Sierra Leone: Ibikorwa vyo kurondera abagihema birabandanya

Ibikorwa vyo kurondera abagihema hamwe n'ibiziga vy'abapfuye vyabandanije ku munsi wa kabiri Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Ibikorwa vyo kurondera abagihema hamwe n'ibiziga vy'abapfuye vyabandanije ku munsi wa kabiri

Muri Sierra Leone bari mu bikorwa vyo kurondera aboba bagihema inyuma yaho ibihomoka n'imyuzure bihitaniye abantu barenga 300, inzu nyinshi zikamigwa n'amazi izindi zikabomoka ku munsi wa mbere. mu gitondo.

Benshi mu bapfuye bari bagisinziriye igihe uruhande rw'umusozi Sugar Loaf rusenyukiye rukabagwako kubera imvura nyinshi.

Icegera c'umukuru w'igihugu Victor Foh, yavuze ko igitigiri ca nyuma c'abapfuye gishobora kuja hejuru cane.

Bivugwa ko abandi bantu 3000 batagifise aho bakika umusaya.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Inzu zamizwe, imiduga iratwagwa, abantu bari basigaye boga nko mu ruzi

Umukozi w'ikigo gifasha "Healey Relief Foundation and Caritas Freetown", Ishmeal Charles yabwiye BBC ko amajambo yonyene adashobora gutunganiriza abagiriye ivyago muri iyo mpanuka.

"Ni tumenye ko tugiye kubona abantu benshi baririra hamwe n'ababuze abanyamiryango babo," niko yavuze.

"Biragoye kuvuga ingene ukuri kwifashe, kuko biteye ubwoba kandi birababaje ku buryo bigoye gusigura."