Sierra Leone: Abantu 600 baracabuze kubera ibihomoka

Uruhande rw'umusozi rwaguye ku nzu mirongo i Regent inyuma y'imvura nyinshi Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Uruhande rw'umusozi rwaguye ku nzu mirongo i Regent inyuma y'imvura nyinshi

Niburiburi abantu 600 baracabuze inyuma y'ibihomoka vy'umusozi n'imyuzure vyibasiye uduce twa Freetown, umugwa mukuru wa Sierra Leone, nkuko umuvugizi wa prezida yabimenyesheje BBC.

Abantu hafi 400 nibo bazwi ko bapfuye inyuma y'ibihomoka vyibasiye akarere ka Regent, n'imyuzure mu tundi duce twa Freetown ku munsi wa mbere.

Ikigo c'abatabazi b'umusalaba utukura "Croix Rouge" cagabishije ko ari igihe co gusiganwa n'umwanya ku bijanye n'ibikogwa vyo kurondera aboba bagihema.

Bitegekanijwe ko abapfuye bashingugwa ikivunga kuri uno wa gatatu, kugira ngo haboneke ibibanza mu buruhukiro.

Umuvugizi wa prezida Abdulai Baraytay yabwiye BBC ko ibikorwa vyo gukura ibiziga mu vyondo n'ibihomoka bikibandanya.

"Imiryango iri mu kigandaro. Hari abantu bataraboneka barenga 600," niko yavuze.

Prezida Ernest Bai Koroma mbere yari yasavye "imfashanyo yihuta", avuga ko imiryango myinshi yazimanganye.

Igihugu c'Ubwongereza kiri mu vyitavye ako kamo.

Umushikiranganji ajejwe iterambere mpuzamakungu Priti Patel yavuze ati: "Ndababajwe cane n'urupfu rwaturutse ku bihomoka no ku myuzure i Freetown, Sierra Leone ikaba yabuze abantu benshi b'intungane. Nifadikanije n'abo bose bahagiriye ivyago muri kino gihe gitey'ubwoba.

"Kuva dufashije guhagarika Ebola, tugafasha no kwubaka igihugu munyuma - Ubwongereza burifadikanije n'abanyagihugu ba Sierra Leone.

"Twamaze gutegura imfashanyo kandi turiko turafasha igihugu tucereka ingene covyifatamwo. Turiko turakorana na leta ya Sierra Leone mu bikogwa vy'ubutabazi kandi twiteguye gufasha abo bose bavyipfuza."