Liverpool ihagaze neza ku rukino rwa kabiri rwa Champions League

Abakinyi ba Liverpool bigina igitsindo binjije Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abakinyi ba Liverpool bigina igitsindo binjije

Umugwi Liverpool wo mu gihugu c'Ubwongereza wizeye gukina neza kurusha mu rukino rwa kabiri rwa Champions League ku kibuga ca Anfield, inyuma yaho itsindiye Hoffenheim 2-1 mu gihugu c'Ubudagi ku munsi wa kabiri.

Umukinyi Trent Alexander-Arnold, w'imyaka 18 yakuriye muri uwo mugwi, niwe yinjije igitsindo ca mbere ku munota wa 35, mw'ihiganwa Liverpool yaherukamwo mu 2014-15.

Igitsindo ca kabiri cinjijwe na Havard Nordtveit yinjije mw'igori iwabo.

Igitsindo ca Hoffenheim cinjiye ku munota wa 87, gitsindwa na Mark Uth.

Igitsindo ca kabiri ca Liverpool gishobora gutuma bagira akarusho ku bo bazohura na burya bazokinira iwabo (Anfield), ariko umumenyereza Jürgen Klopp asanga bari bakwiye kurusha uwo mugwi niburiburi ibitsindo bibiri.

"Igitsindo twinjijwe imbere yuko urukino rurangira catwononeye. Twari dukeneye kwinjiza igitsindo kimwe canke bibiri vyo hejuru."

Umukinyi akomeye wa Liverpool Coutinho ntiyakinye kubera ko yakomeretse, abakinyi ba Klopp bakaba bari bafise icizere gito imbere y'urwo rukino.