Abakozi bahagaritswe mu kazi bazira kutambara ikaruvati muri Uganda

Ahavuye isanamu, BBC twitter
Umuntu yambara ikaruvati
Abakozi batandatu bakora mu biro vy'igisagara ca Ntugumo muri Uganda bahagaritswe mu kazi bazira kutambara ikaravati.
Nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru ca Daily Nation, abo bakozi birukanywe n'uwubatwara Kweyamba Ruhemba yabagirije kurenga ku mategeko agenga akazi kuko bambaye imuzu zerekana isanamu mbi y'ico gisagara.
Bose yabasanze batambaye ikaruvati.
Ico kinyamakuru casubiyemwo Ruhemba avuga ko abo bakozi bahagaritswe mu kazi mu kiringo c'amezi abiri, kugira babigishe kwambara mu rupfasoni.
Mu ntango ya 2017, ubushikiranganji buraba akazi bwarasohoye itegeko ryihaniza impuzu zibonerana, izegereye cane umubiri kubatambaye impuzu z'akazi mu bakozi ba reta.
Nk'uko ico kinyamakuru kivyandika, umunyamabanga mukuru wo muri ubwo bushikiranganji bw'abakozi ba reta, umupfasoni Catherine Bitarakwate Musingwiire, yavuze ko ivyo bisabwa bijanye n'itegeko ryo muri ubwo bushikiranganji bw'abakozi.
Itegeko ryo mu bushikiranganji bw'abakozi muri Uganda ryo mu 2010 rivuga ko abakozi ba reta bategerezwa kwambara mu rupfasoni hakurikijwe imico n'imigenzo yo muri Uganda.
Ikinyamakuru ca Daily Nation kivuga ko ariko iryo tegeko ata co rivuga ku kungene umuntu yokwambara kugire bose babone ko yambaye mu rupfasoni.
Muri iryo tegeko nyene, abakozi b'abapfasoni bategerezwa kwambara ijipo canke ikanzu igera hepfo y'amavi hamwe n'ishati ryiyubashe.
Impuzu zibonerana, zegereye cane umubiri, ijipo ngufi, ibirato vyo hasi hamwe n'imishatsi isize irangi birabujijwe.