IgihuhusiHarvey: Abantu 2000 bahungishijwe kubera umwuzure i Houston muri Amerika

Abashinzwe umutekano wo mu mazi 3.000 bariko barafasha mu gikorwa co gutabara mu gisagara ca Houston Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abashinzwe umutekano wo mu mazi 3.000 bariko barafasha mu gikorwa co gutabara mu gisagara ca Houston

Abantu 2000 bahungishijwe umwuzure mu gisagara ca Houston mu gihe igihuhusi Harvey cariko kirabica biracika n'imvura nyinshi mu ntara ya Texas.

Hari inkuru zavuga ko hari abapfuye hamwe n'imodoka nyinshi zatwawe.

Houston ni wo mujyi wa kane mu bunini muri Leta Zunze Ubumwe z'Amerika. Abantu barenga miliyoni 6 bakaba baba mu gace ko mu mujyi rwagati.

Amatohoza ariko arabandanya nk'uko bivugwa n'umukuru w'akarere ka Harris, Darryl Coleman.

Umukuru w'intara ya Texas Greg Abbott yabwiye abamenyeshamakuru ko adashobora kwemeza ko hari abapfuye bivuye kuri uwo mwuzure.

Igisata kijejwe ikirere kivuga ko hari ihindagurika ry'ikirere muri ako karere bitari vyigere biboneka.

Haiti mu kigandaro mu gihe imfashanyo ziriko ziregeranywa

Ico gisata kivuga ko uwo mwuzure wateye atawuwiteze hagati mu gisagara ca Houston, utera ingorane w'uruja n'uruza.

Umukuru w'iyo ntara Abbot avuga ko amabarabara yababa 250 y'i Texas yugawe kandi ko yasavye reta ya Washington ko yotanganza ibihe bidasanzwe mu turere 19, bikaba vyemejwe na prezida Donald Trump.

"Imvura nyinshi izobandanya kugwa" ni ko uwo mukuru w'intara yavuze.

Uwufise ububasha kw’isanamu Twitter/@caroleenam/Reuters

Abajejwe ihindagurika ry'ikirere bari bavuze ko baronse inkuru z'abantu boba bapfuye, ariko ko bashoboye kwemeza urupfu rw'umuntu umwe gusa mu karere ka Houston.

Gushika ubu, abantu babiri ni bo bimaze kumenyekana ko bapfuye kuva hateye ico gihuhusi mukarere ka Aransas, uwundi muntu umwe akaba yapfuye inzu yiwe ifashwe n'umuriro mw'ijoro ryo ku wa mungu.

Mu karere ka Houston, umupfasoni umwe yapfuye ariko aratwara imodoka mu mabarabara yari yarengewe n'amazi ku musi wa gatandatu.

Umukuru w'igisagara ca Houston, Sylvester Turner yahanuye abantu kudahamagara abajejwe gutabara bakoresheje telefone kiretse gusa babonye ubuzima bwabo bugeramiwe bakeye gutabarwa vyihuta.

"Ntimuje mu mabarabara. Ntimwibaze ko igihuhusi caheze," ni ko yavuze.

Mu gisagara ca Washington, ku kirimba ca White House, bavuga ko prezida Trump azogendera Texas ku musi wa kabiri kwirabira ubwiwe ivyononekaye bivuye kuri ico gihuhusi.

Trump yari yavuze ko azogendera ako karere vuba vyihuta ariko ko adashaka gutera ingorane abari mu gikorwa co gutabara.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abajejwe ihindagurika ry'ikirere bavuga ko abantu bapfa ari benshi bivuye ku modoka zatembanye n'amazi
Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Houston ni kimwe mu bisagara birimwo abantu benshi muri Amerika

Gushika isaha umunani za Texas, ku musi wa Mungu, abajejwe ihindagurika ry'ikirere mu gisagara ca Houston bavuga ko ingana na 64.8mm mu kwezi kw'umunani, ikaba ari yo mvura nyinshi iguye ubwa mbere muri kahise k'ico gisagara.