Ishusho ry'uruhome ruzubakwa na Trump

Marekani Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ishusho ry'uruhome ruzubakwa

Ubutegetsi bwa Trump bwatoranije amashirahamwe ane azubaka uruhome ku rubibe Mexique ihana na Amerika.

Urwo ruhome ni kimwe mu bintu prezida Trump yashize imbere mu kwiyamamaza rukaba rwatumye haba imyiyerekano ku mpande zose ko ari zibiri.

Icegera c'uwushinzwe umutekano aho ku rubibe, Ronaldo Vitiello, yabwiye abamenyeshamakuru ko amasezerano yo kwubaka urwo ruhome yahawe amashirahamwe yo mu ntara za Alabama, Arizona, Texas na Missipi.

Amahera azokoreshwa mu kwubaka urwo ruhome aharurwa ko yoba azoshika umuliyoni n'igice.

Mu gihe yariko ariyamamaza, Trump yavuze ashimitse ko igihugu ca Mexique kizoriha igice c'ayo mahera.

Urwo ruhome ruzubakwa mu gisagara ca San Diego mu ntara ya California.