Serena Williams yibarutse umukobwa

Serena Williams na Alexis Ohanian muri New York

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Aha Serena Williams n'uwo bavyaranye Alexis Ohanian bari New York mu kwa gatanu

Umukinyi rurangiranwa muri Tennis, Serena Williams, afise imyaka 35, yibarutse mu bitaro vyo muri leta ya Florida, muri Leta zunze Ubumwe za Amerika.

Umumenyereza wa Serena Williams Patrick Mouratoglou, yatanze ubutumwa kuri Twitter bwo kumukeza bimaze kumenyekana ko yibarutse umwana w'umukobwa.

Yaba Serena Williams ubwiwe canke umukunzi wiwe Alexis Ohanian, ntaco baravuga kuri uwo mwana yavutse.

Serena Williams yatwaye igikombe kigira 23 ca Grand Slam mu mahiganwa ya Australian Open mu kwezi kwa mbere uyu mwaka, amaze kwibungenga.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru mu kwezi guheze, yavuze ko afise umugambi yise ko 'utangaje kandi uteye ubwoba' wo guharanira umuhigo wiwe.