Trump yongeye kugendera abahuye n'igihuhusi Harvey

Trump muri texas Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Perezida Trump ubu ho yashitse no ku barokotse muri Texas

Donald Trump yagiye muri Texas aho avugana n'abarokotse igihuhusi, hamwe n'abariko barabafasha.

Perezida Trump yari yaneguwe igihe aherukayo ku munsi wa kabiri, ko yavugishije abategetsi gusa.

Perezida Trump ateganya guca kandi muri leta ya Louisiana, naho nyene hamerewe nabi cane.

Abantu baharugwa mu bihumbi amajana atanu muri ako karere kasinzikajwe n'igihuhusi bakeneye infashanyo yihuta.

Bulamatari wa leta ya Texas avuga ko hakenewe miriyaridi 125 z'ama dorari.

Donald Trump yasavye inama nkenguzamateka hafi miriyaridi umunani za mbere zo gufasha abo bahuye n'igihuhusi.