Abadagi ibihumbi bimuwe mu gutegura igisasu co mu ntambara y'isi ya 2

Frankfurt Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ababa mu gace ka Frankgurt basabwe gukura meza kumara umunsi wose

Abahinga mu gutegura ibisasu bagiye mu muji wa Frankfurt mu Budagi mu ntumbero yo gutegura igisasu kinini cane kitaturitse mu gihe c'intambara ya kabiri y'isi.

Aba polisi bakizuye mu mazu yose azwi ko asanzwe abamwo abantu kugirango bamenye nimba abahaba bose bimutse.

Ako gace kimuwemwo abantu, karimwo ibitaro, amazu y'abasaza n'ibanki nkuru y'igihugu.

Bikekwa ko hasigaye ibisasu vyinshi bitaturitse mu ntambara ya kabiri y'isi hirya no hino mu Budagi.