Facebook yasanze Uburusiya bufata mu mugongo abakwiragiza inkuru z'ibinyoma

File photo dated 03/11/15 of a woman using her phone under a Facebook logo Uwufise ububasha kw’isanamu PA

Facebook ivuga ko yasanze Uburusiya bufasha mw'isekeza ryo gukwiragiza ubutumwa gucanamwo mu mibano na politike ku mbuga zabwo.

Iyo kompanyi ivuga ko ibihumbi ijana vy'amadolali yakoreshejwe ku mbuga zoba zishika 3.000 mu kiringo kirenga imyaka ibiri, birangirana n'ukwezi kwa gatanu mu 2007.

Muri bo nta n'umwe ari inyuma y'umuntu azwi muri politike, ahubwo bavuga kubiraba abimukira, urukob hamwe n'agateka ka zina muntu.

Facebook yavuze ko yakoranye n'abajejwe amatohoza muri Amerika kuri ico kibazo.

Ivyo vyagiriji babishikirije umushikirizamanza adasanzwe Robert Mueller, asanzwe ariko arakurikirana ibivugwa ko Uburusiya bwivanze mu matora ya Amerika yo mu mwaka uheze.