Tanzania: Umushingamateka Tundu Lissu yarashwe

Tundu Lissu Uwufise ububasha kw’isanamu BUNGE
Image caption Tundu Lissu, umukuru w' umugambwe CHADEMA

Umushingamateka wo muri Tanzania Tundu Lissu, ari mu mugambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi, kandi azwi cane ko avuga atarya umunwa ku buryo vyari bimaze kumuteranya n'ubutegetsi, yakomeretse arashwe.

Bwana Lissu, asanzwe ari umukuru w'urunani rw'abashingwamanza muri Tanzania, yigeze gutabwa muri yompi aregwa gutera umudurumbanyo mu gihugu, kuko yise umukuru w'igihugu umunyagikenye.

Mu kwezi kw'indwi umwaka uheze, yagirije perezida Magufuri gushira 'icuka c'ubwoba mu gihugu no kwubaza ubutegetsi bushingiye ku ka mwana wa mama, na mpinga yanje.

Mu kwezi guheze naho bwana Lissu yafashwe n'igipolisi aregwa ko yemeje ko afise ibituma bigaragaza ko indege yaheruka kugurwa yo mu bwoko bwa Bombardier Q400, ariko itari bwashikanwe muri Tanzania, yafatiriwe muri Canada kubera Tanzania yananiwe kuriha ikigo Stirling Civil Engineering, indishi ya miriyoni 38.7 z'ama dorari ya Amerika.