Raila Odinga yemeye kwongera guhiganwa mu matora ya Kenya

Raila Odinga Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Raila Odinga yaserukiye urunani NASA, yemeye kwongera guhiganwa

Kizigenza mu batavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Kenya Raila Odinga, yemeza ko azokongera guhiganwa mu matora y'umukuru w'igihugu mu kwezi kuza.

Bwana Odinga yari yavuze ko ashobora kwanka kwitabira isubirwamwo ry'amatora y'umukuru w'igihugu ya Kenya, kiretse habaye amahinduka akomeye mu mugwi ujejwe kuyatunganya.

Mu ntango z'uku kwezi kw'icenda, sentare ntahinyuzwa ya Kenya yimye agaciro ivyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu yo mu kwezi kw'umunani, aho Uhuru Kenyatta ari ku butegetsi yari yavuzwe ko ariwe yatahukanye intsinzi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Sentare ntahinyuzwa ya Kenya yimye agaciro ivyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu ya mbere

Sentare ntahinyuzwa yavuze ko ayo matora yagiyemwo utunenge.

Raila Odinga yavuze ko yatsinzwe kubera amamashini yakoreshwa n'umugwi ujejwe gutunganya amatora yavogerewe.