Kenya yafashe abarundi bagiye kwiyunga na al-Shabab

Prezida Pierre Nkurunziza yiyamamariza amatora yo mu 2015 Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Prezida Pierre Nkurunziza yiyamamariza amatora yo mu 2015

Igipolisi ca Kenya cavuze ko cafashe abantu bane, cemeza ko baturuka mu gihugu c'Uburundi, bari bagiye mu gihugu ca Somalia kwiyunga n'umugwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu, al-Shabab.

Umuvugizi w'igipolisi, George Kinoti, yabwiye BBC ko abapolisi batigaragaza bamaze igihe bakurikirana abo bantu bane, inyuma yaho baronkeye amakuru ko bagiye kuja muri Somalia.

Yavuze ko bafatiwe kw'ibariyeri mu karere ka Isiolo, ku birometero 350 mu buraruko bw'igihugu, baja ku mupaka wa Kenya na Somalia, ahitwa Mandera.

Igipolisi kivuga ko bari mu gihugu ca Kenya nk'abakerarugendo, uravye uburenganzira bwo kuba mu gihugu (visa) bafise.

Abo bantu bazwi ku mazina ya Bizoza Abderauf, Ntakarutimana Bernard, Nshimirimana Fulgence Shadady na Niyongere Yusuf, bose bagaturuka mu Burundi.

Ubuserukizi bw'Uburundi muri Kenya bwavuze ko buzotanga amakuru arambuye ni bwaramuka buvuganye n'ubutegetsi bwa Kenya.

Si ubwa mbere muri Kenya hafatwa abanyamahanga bagiye muri Somalia.

Mu kwezi kwa mbere kw'uno mwaka, umunyagihugu aturuka muri Tanzaniya yarafatiwe mu gisagara ca Mandera, bivugwa ko agiye kwiyunga n'uwo mugwi w'abagwanyi.