Hubuwe uburyo bushasha bwo gusohora amahembe y'inkura

Amahembe y'inkura asigaye akogwamwo ibisharizo bitandukanye nk'impeta, ubudede, ibikomo n'ibindi Uwufise ububasha kw’isanamu Wildlife Justice Commission
Image caption Amahembe y'inkura asigaye akogwamwo ibisharizo bitandukanye nk'impeta, ubudede, ibikomo n'ibindi

Abakora urudandazwa rutemewe n'amategeko rw'amahembe y'inkura (rhinocéros) bubuye ubwenge bwo kuyasohokana umugabane wa Africa ku bibuga vy'indege, mu kuyajana mu bisharizo bitandukanye.

Mw'itohoza ryakozwe n'ikigo kigenzura urudandazwa rw'ayo mahembe, bivugwa ko hari ingendo yadutse yo kujabukana ibikoresho bikozwe mu mahembe y'inkura nk' ibidede, ibikomo, imiringa hamwe n'ifu.

Umukuru mu bakoze itohoza yabwiye BBC ko urudandazwa rw'amahembe y'inkura rwavuyemwo isoko y'ibidandazwa vy'agaciro.

Ibihugu ivyo bidandazwa bijanwamwo ni bimwe, isoko nini ikaba iri mu Bushinwa no muri Vietnam.

Mur'iryo tohoza bivugwa ko amayira bicamwo aza arahindagurika, ababicuruza barondera kwirinda ingorane zobashikira mu bihugu bimaze gushiraho amategeko akaze.

Uwufise ububasha kw’isanamu Traffic
Image caption Niburiburi inkura 7100 nizo zoba zimaze kwicwa muri Afrika kuva mu 2007

Muri kino gihe hasigaye inkura 25000.

Julian Rademeyer akora mu kigo kigwanya urudandazwa rw'ayo mahembe avuga ko ibikogwa murayo mahembe y'inkura vyinshi vyagiye birakogwa mu masenge y'inzovu.

"Birateye amakenga," niko yabwiye BBC.

"Kuko nk'igihe umuntu aba ariko araca ku kibuga c'indege yambaye umudali ukozwe mw'ihembe ry'inkura, wumva ari nde azomufata?

Buno buryo bushasha bwo guhingura amahembe y'inkura mu bisharizo bugiye gutuma bigora kwafatwa.