Uganda: Abantu indwi bari mu myiyerekano bapfunzwe

Abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza itegeko rihanagura irisaba imyaka umukuru w'igihugu yoba afise igihe yitoza
Image caption Abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza itegeko rihanagura irisaba imyaka umukuru w'igihugu yoba afise igihe yitoza

Niburiburi abantu indwi batawe muri yompi mu gihugu ca Uganda, bafatiwe mu myiyerekano yo kwiyamiriza integuro y'itegeko rishaka gukura imyaka umukuru w'igihugu asabwa kuba atoba arenza igihe yitoza.

Muri kino gihe uwushaka kwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu asabwa kutarenza imyaka 75.

Ukwo guhindura amategeko y'ibwirizwa shingiro, vyotuma Prezida Yoweri Museveni asubira kwitoza mu 2021.

Imyaka ya Prezida iraharigwako cane ariko Wikipedia ikavuga ko afise 73.

Ishirahamwe ry'urwaruka "The Alternative" ryateguye iyo myiyerekano, ryavuze kw'ibiro vyabo vyabomowe n'abasirikare hamwe n'abapolisi mw'ijoro riheze.

Rivuga ko ibikoresho nka mudasobwa ngendanwa "laptops" na mudasobwa zisanzwe hamwe n'ibindi bikoresho vyatwawe, nkuko umumenyeshamakuru wa BBC Catherine Byaruhanga w'i Kampala yavuze.