BBC yuguruye ibisata vya Ethiopia na Eritrea

Izo mbuga ngurukanabumenyi zatanguye guhurumbigwa
Image caption Izo mbuga ngurukanabumenyi zatanguye guhurumbigwa

Ibiro vya BBC "BBC World Service" vyuguruye imbuga zitatu ngurukanabumenyi za Ethiopia n'igihugu kibanyi ca Eritrea mu kugerageza kwagura akarere ikoreramwo.

Izo mbuga zigiye gutuma ukuri kumenyekana mu karere itangazamakuru ritigenga vyukuri, niko uwujejwe ako karere muri BBC, Will Ross yavuze.

Izo mbuga zuguruwe mu ndimi z'iki Amharic, Afaan Oromo na Tigrinya zizokurikigwa mu mezi aza n'iyugurura ry'ibiganiro vyo kuri radiyo murizo ndimi zitatu nyene.

Leta y'Ubwongereza yatangaje ko igiye kwongera amahera ibiro World Service mu 2015.

Yatumye BBC yiyagura muri Afrika no muri Asia.

"Turazi ko abadukurikira muri Ethiopia na Eritrea banyotewe gukurikira ibiganiro mu ki Amharic, Afaan Oromo na Tigrinya," niko Ross yavuze.

Yavuze ko kubona ivyo bihugu bibiri bifise abantu benshi (imiliyoni 100), kw'imbuga hwaniro zizokwega benshi na cane cane mu rwaruka.

"Ababa hanze nabo nyene baguma bipfuza kuvugana n'abo basize mu gihugu mu gihe politike yo muri ivyo bihugu yatumye abantu benshi batangura kuvuga ndetse no mu baba hanze." niko yavuze.