Ibitero vy'ubwiyahuzi vyahitanye abantu 15 muri Nigeria

Ikarata ya Nigeria
Image caption Ikarata ya Nigeria

Niburiburi abantu 15 bapfuye mu bitero bibiri vy'abiyahuzi bakoresheje ibombe mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria, niko AFP yamenyesheje.

Umutabazi yagiye muri ico kibanza yavuganye na AFP, yavuze ko abantu 43 bakomeretse igihe ivyo bibombe vyaturika mu kigwati ca Mashalari mu ntara ya Borno.

Ako karere kari mu kagiye karibasigwa n'abagwanyi b'abagumutsi ba Boko Haram, umugwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu.