Korea ya Ruguru: Ibihano ntibizohagarika umugambi wa "nucléaire"

Korea ya Ruguru yarateye "missile" hejuru y'Ubuyapani ku munsi wa gatanu Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty
Image caption Korea ya Ruguru yarateye "missile" hejuru y'Ubuyapani ku munsi wa gatanu

Korea ya Ruguru yagabishije ivuga ko ibihano vyinshi n'igitugu ishigwako, bizotuma yongereza umurindi mu mugambi wayo wa "nucléaire".

Mu majambo akomeye cane, umushikiranganji w'imigenderanire yiyamirije ibihano biheruka gufatigwa ico gihugu avuga ko vyatewe n'agatima ko gukora inabi, ko bitisunze amategeko kandi ko ata buntu burimwo.

Ku rundi ruhande, Amerika na Korea Yepfo barakoreye hamwe imyimenyerezo ya gisirikare mu karere ka Korea.

Ikibazo ca Korea ya Ruguru nico gishobora kuvugwa cane mu nama y'umuryango mpuzamakungu Onu yo muri ino ndwi.