Ibura ry'igitoro ryatumye indege zitaguruka muri Nouvelle-Zelande

Planes grounded at Auckland airport Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ibura ry'igitoro ryatumye indege zitaguruka muri Nouvelle-Zelande

Abantu ibihumbi n'ibihumbi bagumye ku kibuga c'indege ca Auckland muri Nouvelle-Zelande kuri uyu wa mbere, inyuma y'aho umuringoti ujana igitoro umenekeye ugatuma haba ibura ryaco kuri ico kibuga c'indege.

Uwo muringoti wamenetse ni wo wonyene ujana igitoro kuri ico kibuga c'indege.

Vyitezwe ko iyo ngorane ibandanya mu kiringo c'indwi imwe mu gihe hari ibikorwa vyo kuwusanura biriko birakorwa.

Ikibuga c'indege ca Auckland cakira abantu bashika imiliyoni 18 buri mwaka, kandi amashirahamwe y'ibitoro ni yo azana ibikoreshwa n'indege .

Umudereva w'indege yagize ikibazo c'ibitoro indege igonga igiti iragwa, ariko ararusimba

Boeing igiye gukora indege itwara ingenzi idakenera umudereva

Ishirahamwe rya Air New Zealand rivuga ko abantu bashika 2000 aribo iryo bura ry'igitoro ryagizeko ingaruka kuri uyu wa mbere.

Co kimwe na Air New Zealand , amashirahamwe ya Qantas, Cathay Pacific na Emirates yavuze ko zimwe mu ngendo zasivye bitewe n'iryo bura ry'igitoro.

Ingendo zishika 27 zo hagati mu gihugu no hanze yaco zarasivye mu mpera z'indwi iheze mu gihugu ca Nouvelle-Zelande.