Igihuhusi Maria cateye izinga rya Rep. Dominicaine

Image shows Hurricane Maria in the Atlantic ocean Uwufise ububasha kw’isanamu NASA
Image caption Igihuhusi Maria cafashe inzira yari yaciyemwo igihuhusi ca Irma cononye ibintu vyinshi igihe caca muri ako karere muri uku kwezi.

Igihuhusi Maria gifise inguvu zirenze igipimo ca gatanu cateye izinga rya Caraibe na Rep. Dominicaine kirimwo umuyaga ufise ubunyarutsi bw'ibirometero 260 kw'isaha.

Umushikiranganji wa mbere Roosevelt Skerrit yanditse ku rubuga rwa facebook ko uruhande rumwe rw'inzu yiwe rwabomotse.

Yavuze ko inzu yiwe yarengewe n'amazi mu nyuma avuga ko yatabawe.

Ikibuga c'indege ca Rep. Dominicaine hamwe n'ikivuko vyapfunzwe.

Igihuhusi ntigitera imyuzure gusa. Kiranakamya ikiyaga... ibi nivyo Irma yagize i Florida.

Igihuhusi Maria cafashe inzira yari yaciyemwo igihuhusi ca Irma cononye ibintu vyinshi igihe caca muri ako karere muri uku kwezi.

Izinga rihegereye rya Martinique ryagabishijwe mu gihe irindi ryegukira ubufaransa rya Guadeloupe abantu basabwe kuva mu mazu yabo.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abasirikare ba Amerika baravuye mu mazinga yegukira ico gihugu ku musi wa Mungu

Tumwe mu turere ubu tumeze neza inyuma yo guterwa n'igihuhusi ca Irma cari gifise igipimo ca gatanu, cahitanye abantu 37 gitera n'agahombo k'amamiriyaridi y'amadolari.

Mu mazinga ageramiwe n'igihuhusi Maria harimwo Leeward bigizwe na Antigua hamwe na Babuda.

Ikigo kijejwe kugenzira ibihuhusi muri Amerika (NHC) congereje igipimo c'ico gihuhusi kuva kuri kabiri gushika kuei kane, hanyuma gushika kuri gatanu, ari na co gipimu kiruta ibindi vyose.

Amazinga ya Caraibe yiteguriye igihuhusi gikaze

Abaraba ihindagurika ry'ibihe bagabishije ko imvura nyinshi itewe n'ico gihuhusi ishobora gutera imyuzure n'isenyuka ry'imisozi bishobora kugeramira ubuzima bw'abantu.

Image caption Visiwa vya Leeward n pamoja na Antigua na Barbuda