Umumenyeshamakuru wo muri Nigeria yatsindiye agashimwe ka Komla Dumor

Amina Yuguda
Image caption Amina Yuguda ni umumenyeshamakuru ku mboneshakure yo mu karere ka Gotel

Umumenyeshamakuru wo mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria yatsindiye agashimwe kitiriwe Komla Dumor gatangwa na BBC.

Amina Yuguda ni umumenyeshamakuru ku mboneshakure mu karere ka Gotel aho atanga inkuru ku bibazo vyinshi harimwo n'ivyerekeye umuhari wa Boko Haram.

Yuguda azoja i Londres mu nyigisho zamezi atatu muri uku kwezi kw'icenda.

Uwatsindiye agahembo kitiriwe Komla Dumor

Ntibishobora gukina mu cuma cawe
Amina Yuguda watsindiye igihembo cya BBC cyitiriwe Komla Dumo

Aka gashimwe kitiriwe Komla Dumor kashizweho mu guha icubahiro uwo mumenyeshamakuru w'imboneshakure ya BBC yitavye Imana giturumbuka afise imyaka 41 mu 2014.

Umupfasoni Yuguda avuga ko kuronka ako gashimwe ari iteka rikomeye.

Image caption Amina Yuguda yarashitse ku nyota abamwumvirije ku vyerekeye inkuru yagiye aratanga ku ngorane z'amaradio mu gihugu ciwe.

Amina Yuguda yarashitse ku nyota abamwumvirije ku vyerekeye inkuru yagiye aratanga ku ngorane z'amaradio mu gihugu ciwe.

"Ku mashure yabo make canke n'aho boba batize, abanya gihugu benewacu barategera ibintu vyinshi nk'intwaro ya prezida Trump muri Amerika, Korea ya ruguru, Uburusiya burongowe na Vladimir Putin hamwe n'ibindi vyisnhi". ni ko Amina yavuze.

Igihembo kitiriwe Komla Dumor 2016

Umukuru wa BBC World Service Group, Francesca Unsworth, yavuze ko Yuguda akwiye ako gashimwe.

Abandi bari bamaze gutahukana ako gashimwe ka Komla Dumor ni umumenyeshamakuru wo muri Uganda Nancy Kacungira n'umumenyeshamakuru araba ibibazo vy'ubutunzi wo muri Nigeria Did Akinyelure.