Suu Kyi 'nta co afise anyegeza amakungu'

Ahavuye isanamu, AFP/Getty Images
Ms Suu Kyi, yigeze gutwara agashimwe kitiriwe Nobel, yaranebaguwe cane ko ata co yakoze ngo akingire abarohingya muri iyo ntambara
Aung San Suu Kyi yavuze ko reta yiwe idatinya 'amatohoza y'amakungu' ku kungene yafashe mu minwe ikibazo c'abarohingya.
Bwari bubaye ubwa mbere ashikirije ijambo igihugu kuvyerekeye intambara zibera mu ntara yo mu buraruko ya Rakhine yatumye abarohingya b'aba Islam barenga 400.000 bahungira muri Bangladesh.
Suu Kyi yaranebaguwe cane ku nyifato yagize muri iyo ntambara.
Ariko yavuze ko aba Islam bose batahunze iyo ntara kandi ko intambara yaheze.
Ahavuye isanamu, Reuters
Urundi rukurikirane rw'impunzi rwatanguye guhungira muri Bangladesh kuva itariki 25 ukwezi kw'umunani
Mw'ijambo ryiwe yashikirije inama nshingamateka ya Myanmar, Aung San Suu Kyi yavuze ababajwe cane n'amakuba abantu bose bagize muri iyo ntambara, kandi ko igihugu ciwe ciyemeje kurondera umuti urama ku bantu bose baba muri iyo ntara".
Umupfasoni Suu Kyi yafashe ingingo yo kutitaba mu nama ya Onu i New York mu mpera z'iyi ndwi, yavuze ko yipfuza ko amakungu amenya ivyakozwe na reta yiwe.