Kenya: Ubuhinga bwo gutora ntibuzoba burategurwa neza mu kwa 10

A man climbs the scaffolding of a National Super Alliance electoral poster, set against a bright blue sky. The poster, featuring Raila Odinga, reads: "Let's make history together" Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umukuru w'abatavuga rumwe na reta Raila Odinga na mugenzi we Kalonzo Musyoka (kuri ico capa) ni bo bituye sentare kugira amatora asubirwemeo.

Ikompanyi ijejwe gutegura ubuhinga buzokoreshwa mu matora y'umukuru w'igihugu azosubirwamwo mu kwezi kw'icumi ivuga ko itazoba iraheza ico gikorwa ku gihe.

Sentare ntahinyuzwa yarafuse amatora yo mu kwezi guheze, ivuga ko habayemwo amanyanga.

Ayo matora yari yatsinzwe na prezida ahari ubu, Uhuru Kenyatta.

Ikompanyi y'abafaransa OT-Morho ivuga ko ikeneye gusubiramwwo ubwo buhonga butoroshe bukoreshwa mu matora gushika itariki 17 z'ukwezi kw'icumi.

Ariko ivuga ko akazi gakenewe gukorwa kadashobora kuba karangiye muri ico gihe.

Ido n'ido ry'igihe ayo matora agiye gusubirwamwo yokwungururizwa biri mw'ikete ryanditswe na OT-Morpho rigenewe akanama kajejwe gutegura amatora, ryashikiriye itororokanirizo ry'amakuru rya Reuters.

Kenya: umucamanza wo mu rukiko rw'ikirenga yasabiwe kwirukanwa

Raila Odinga yemeye kwongera guhiganwa mu matora ya Kenya

Umwe mubari mu kanama kajejwe gutegura amatora na we yemereye BBC ko ayo matora ashobora kwigizwa inyuma.

Iryo kete ryanditswe itariki 18 ukwezi kw'icenda, rivuga ko ivyuma bibiri vyakoreshejwe mu matora aheruka bikenewe gusubirwamwo bushasha kugira bisubire gukoreshwa.

Inyabwonko zito zito zishika 45,000 zari zahawe abategetsi ba Kenya zo kwihweza neza abatora- hakoreshejwe igikumu n'amafoto- imbere y'uko bemererwa gutora.

Izo nyabwonko kandi ni zo zifashishwa mu kurungika ivyavuye mu matora, uko ni ko iyo kompanyi yari yabimenyesheje mw'itangazo mu kwezi kwa kane.