Stanislav Petrov, yatumye hataba intambara y'ibigwanisho ruhanyanganda yapfuye afise imyaka 77

Stanislav Petrov talks to BBC Russian in 2013

Umusirikare wa kera wa reta zunze ubumwe z'abasoviete yashimagijwe cane ku ngingo yafashe ishobora kuba yatumye hataba intambara y'ibigwanisho vy'ubumara hagati ya Amerika na reta z'abasoviete yapfuye afise imyaka 77.

Stanislav Petrov yari kw'izamu ku kirindiro kimwe co gucunga ibitero vy'ibigwanisho ruhonyanganda mu Burusiya umusi umwe mu 1983, aho inyabwonko zagira amakosa zerekana ko hariho ibisase bitewe na Amerika biriko biragana Uburusiya.

Yafashe ingingo ikomeye y'uko irya gabishwa atari ukuri.

Ntiyanirigwa araha inkuru abamurongoye.

Iyo nyifato yiwe yaje kumenyekana mu nyuma, yaratumye hataba intambara y'ibigwanisho ruhonyanganda.

Petrov yitavye Imana ari ku muhana iwe i Moscou mu kwezi kwa gatanu, ariko inkuru z'urupfu rwiwe zishizwe ahabona ubu.

Mu kiganiro na BBC mu gisata c'ikirusiya mu 2013, Petrov ingene yaronse ubwo butumwa bwo ku nyabwonko kare mu gatondo itariki 26 ukwezi kw'icenda mu 1983, inkuru zavuga ko Amerika yamaze gutera ibisase vyinshi cane," ni ko yavuze.

"Nari mfise ibintu vyose (vyerekana ko hariko haraba ibitero vy'ibisase ruhonyanganda). Iyo natanga iyo nkuru kubankurira, nta n'umwe yari gukekeranya," n'uko yavuze.

"Ico nari nkeneye gukora gusa, kwari ugufata telefone, no guhamagara ubwo nyene abategetsi bacu ba gisirikare- ariko sinashoboye kwegera iyo telefone. niyumvise nk'uwicaye kuri iyo telefone."

N'aho mu myimenyerezo yari yaronse yari yabwiwe ko ategerezwa kuza aravugana n'abategetsi ba gisirikare ba reta zunze ubumwe bw'abasoviete ubwo nyene igihe abonye ubutumwa bwo kugabishwa, Petrov hakubikora, yaciye ahamagara uwuri kw'izamu ku cicaro gikuru ca gisirikare, aca amubwira ko habaye ingorane z'ubuhinga.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ibihugu vya reta zunze ubumwe z'abasoviete na Amerika vyose ko ari bibiri vyari bihanganye n'ibigwanisho ruhonyanganda

Iyo yagira amakosa, ibitero vya mbere vy'ibigwanisho ruhonyanganda vyari kuba inyuma y'iminota mike inyuma y'aho.

Inyuma y'iminota 23, nasanze ata kintu na kimwe cari cabaye.

Mu gihe cari kuba ari igitero nyaco cabaye, gushika kuri uwo munota, nari kuba nabimenye. Naciye niruhutsa.

Amatohozwa yakozwe mu nyuma, basanze ari ibigendajuru vy'abasoviete vyari vyihenze vyitiranya imishwarara y'izumba n'ibigwanisho ruhonyanganda vyoba vyari vyatewe na Amerika.

Petrov yavuye mu gisirikare afise ipeta rya Lt Col, yapfuye itariki 19 z'ukwezi kwa gatanu, ariko iyo nkuru yagiye kumenyekana uku kwezi, bivuye ku muntu yahamagaye kuri telefone.

Umwanditsi wa Film wo mu Budagi, Karl Schumacher, ari we yatumye Petrov amenyekana cane kw'isi, yahamagaye uwo mugabo kuri telefone ku musi wiwe w'amavuka itariki 7 z'ukwezi kw'icenda.

Ico gihe umwana wiwe w'ikinege Dmitry Petrov ni we yaciye amubwira ko yapfuye.

Schumacher ni we yaciye ashira iyo nkuru ku mbuga ngurukanabumenyi, aho yaciye itangura gukwiragira mu bindi bimenyeshamakuru.