Trump ahamagarira kubandanya kuremera Koreya ya ruguru mw'ijambo ryiwe rya mbere muri Onu

Donald Trump Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Trump yitavye inama ya Onu kuri uyu wa mbere, ariko aza gushikiriza ijambo ubwa mbere kuri uyu wa kabiri

Vyitezwe ko prezida wa Amerika Donald Trumpahamagarira amakungu kubandanya kuremera Koreya ya ruguru ku kibazo c'ibigwanisho ruhonyanganda igihe azoba azoba ariko arashikiriza ijambo mu nama ya Onu.

Riza kuba ari ijambo rya mbere ashikirije muri urwo rwego, hakaza kuba ari isaha 10:30 z'i New York, n'ukuvuga isaha 16:30 isaha yo mu Rwanda no mu Burundi.

Abategetsi bo mu biro vya prezida muri Amerika bavuze ko ashobora no kuvuga ko abagwanyi ba Islamic State batsinzwe yongere anebagure ibihugu vya Venezuela na Iran.

Trump yigeze no gucishamwo avuga ko Amerika ishobora kugabanya amahera ico gihugu gitanga muri Onu.

Umunyamabanga w'ishirahamwe mpuzamakungu Onu, Antonio Guterres yabwiye BBC ko mu gihe Amerika yokwivana muri ico kibanza mu makungu, hatazobura abandi bagisubiramwo.

Abategetsi ba Amerika bavuga ko Trump ashobora ashobora gusaba ibihugu gufatira ingingo Korea ya ruguru kubera ingendo y'ico gihugu ihungabanya kandi iteye umutekano muke.

Perezida yatowe Donald Trump aranegura ONU

Ku musi wa mbere Korea ya ruguru yavuze ko ibindi bihano bishobora gutuma ibandanya gusumba umugambi wayo w'ibigwanisho ruhonyanganda.

Ico gihugu kimaze imisi kigerageza ibisase urutitsa muri uyu mwaka n'aho amakungu guma abitera ivyatsi, kiaba caragerageje incuro zitandatu ibigwanisho ruhonyanganda mu ntango z'uku kwezi.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Antonio Guterres yabwiye BBC ko mu gihe Amerika yokwivana muri ico kibanza mu makungu, hatazobura abandi bagisubiramwo.

Trump kandi araza gushikiriza amakenga afise ku gihugu ca Iran mw'ijambo ryiwe.

Mu ndwi iheze, yavuze ko ico gihugu cahonyanze ibiranga amasezerano yo mu 2015 yari atumbereye guhagarika umugambi w'ibigwanisho ruhonyanganda.

Uwo mukuru w'igihugu ca Amerika ntiyigeze araba ryiza ayo masezerano.